Homeabakinyi bakina hanzeBimwe mu biriko biravurwa ku mufaransa Kylian Mbappe

Bimwe mu biriko biravurwa ku mufaransa Kylian Mbappe

 Kylian Mbappe w’imyaka 23 umukinyi w’umugwi nserukiragihugu w’Ubufaransa akaba n’umukinyi wa Paris Saint Germain.

 

Mbappe yatanguye gukinira umugwi w’abakiri bato muri 2004-2011 yari mu mugwi As Bondy mur 2011-2013 yakinira umugwi wa INF Clairefontaine, mu mwaka wa 2013 gushika 2017 yari mu murwi As Monaco ari naho yatwariye igikombe ca Championnat y’ubufaransa Ligue 1

Uwo mwaka w’2017 niho yaca yimukira mu mugwi PSG Aho nyne mu bufaransa .

Hari haheze imisi bivurwa Ko agiye kwimukira muri Real Madrid, ubu ibintu bisa nivyahinduye umurongo inyuma yaho batsindiye uwo mugwi wa muri Champions League bisa nukwo atakivuye muri PSG, kuko yaciye yongezwa umushahara, yamwemereye kumwaka 62400000 Euros ndetse n’ umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Emmanuel Macron yamusavye kuguma muri PSG.

Kylian Mbappe amasezerano yiwe yoheze muri uwu mwaka wa 2022 mu kwezi kwa gatandatu.
Reka turindire turabe ivy’uwo mukinyi wa PSG aho bizoherera.

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

- Advertisment -

Must Read

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

0
Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane. Mu kiganiro...