HomeEast Africa NewsAbagore basohokanye na Diamond nka bose bashizwe mu gitigiri c’abagiye kwibagisha ibisusu 

Abagore basohokanye na Diamond nka bose bashizwe mu gitigiri c’abagiye kwibagisha ibisusu 

Abakobwa bongereza ibisusu muri Tanzania ngo vyakomeye, babaye benshi cane gusumba. Kimwe mu binyamakuru bisohorwa vyo muri ico gihugu kikaba casohoye amazina amwe amwe mu bamaze kwibagisha. 

Mu babashije kuvugwa hafi nka bose bakaba bagaruka mu gitigiri c’abagore bigeze kugendana canke bakavyarana n’umuririmvyi Diamond Platnumz.

Bamwe mu bavuzwe ni nka Aunt Ezekiel yigeze kugendana na Diamond ariko mu nyuma agendana n’umutamvyi wa Diamond Platnumz, aho ngo yoba aheruka kwibagisha vuba, ariko kandi ngo akaba anaryoherewe umubiri wiwe mushasha nkuko biboneka ku ma foto yashize ahabona.

Uwundi yabonetse ni Zari the Boss lady nawe nyene azwi kuba yaravyaranye na Diamond Platnumz. Uwo we abamwagiriza kuba yaragiye kwibagisha akaba yababwiye ko kwibagisha muri ino misi ari ibisanzwe nk’uwuja mw’isoko kugura ibiharage, ko abantu badakwiye kubivuga nk’aho ari ibintu bikomeye.

Tanasha Dona nawe ari mu gitigiri c’abavuzweko kwibagisha igisusu, aho ngo yabikoze mu mwaka uheze, kuko uburyo igisusu ciwe cari kimeze n’inyuma yaho ngo vyari bitandukanye cane nkuko ico kinyamakuru co muri Tanzania kibishikiriza.

Uwundi yavuzwe kwibagisha kandi azwiko kuba yarabaye incuti ya hafi ya Nasibu ni Hamisa Mobeto aho vyavuzwe ko yagiye muri Turkie kwibagisha, inyuma y’ama foto n’ama Video atandukanye ari muri ico gihugu ayasangije abamukurikirana barenga ama Miliyoni 5, ariko nawe nk’abandi bose akaba atavyerekwa, akaba yabiteye utwatsi.

Poshy Queen umwe muba Video Queen basanzwe bari bakunzwe muri iyo myaka iheze nawe yashizwe mu gitigiri c’abagiye kwibagisha, aho nawe babifatira kuma Foto yiwe ya kera n’ay’ubu ko bitandukanye cane.

Abo bakaba biyongereyeko abandi bari ku rushi nabo bavugwako kwibagisha, kugira noneho bibabere vyiza kuba beza, ubona ko umwigeme w’igisusu ngo asigaye aba ahagaze neza gusumba umukobwa afise urupapuro rw’umutsindo rwa kamenuza.

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...