BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Cerdic Bangy ngo agiye kwugurura amaso abaririmvyi b’ubu

Ibiteramo ngo bigiye kandi gusubira kandi gukorwa, kandi ariwe avyikoreye atarinze kurindira ko bamuhamagara mu biteramo vyateguwe n’abandi. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Cedric Bangy aho yavuze ko agiye kubikora mu muzo wiwe mushasha.

Muri Post yakoze ku musi wa gatanu uwo muririmvyi yavuze ko ivyo agiye kubikora ngo abaririmvyi b’ubu abakangure, bakure amaboko mu mpuzu ntibabandanye bizera abatanga ibiteramo, kuko babuze bazoca bicwa n’inzara.

Mu biteramo yipfuza gukora, uwo muririmvyi w’umukambwe, yipfuza gukora n’ibiteramo vyo mu mahanga atari ivya hano iwacu gusa. Aho yipfuza gukorera ubwa mbere n’I Kigali ari nka hamwe imigenderanire y’ibi bihugu bibiri iramutse igenze neza.

Hampande y’abamukurikirana banditse muri Commentaire bamutera intege, abandi nabo barimwo n’abaririmvyi bagenziwe, agatwenga kabishe, naho batagize vyinshi babishikiriza.

Ivyo akaba abishikirije inyuma yaho mu matora y’abatwara AMB afatiye ikibanza ca 3, noneho akavuga ko ayo matora atayemera kuko habayemwo amanyanga atari make.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 202