HomeBurundiHoba hari ico kwitegwa hagati ya Davido na Big Fizzo?

Hoba hari ico kwitegwa hagati ya Davido na Big Fizzo?

Hoba hari collabo iri hagati ya Mugani Desire na Davido, canke boba bazohava bakorana igiteramo mu bufaransa, ubona ko bose uko ari babiri babonetse muri ico gihugu muri ino mis iheze.

 

Hakoreshejwe urubuga rwa Mr Yassin azwiko gutanga amakuru ya Mugani Desire cane gusumba abandi, hashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu ishusho rya Davido ashika mu bufaransa aho yagiye mu bikorwa bitamenyeshejwe cane.

Uwo muntu atazwi ariko azwiko gushigikira Mugani Desire cane yanditse akoresheje urwo rubuga ati : “Davido Nawe ageze I Paris mu bufaransa. Ibintu bigeye kuryoha nkeseri, mbe basha ndabivuge canke ninumire turindire isango rigere??? Le 05 Mars 2022 a Paris cava chauffer les gars.”

Ariko naho mwumva yashize ibintu vy’isango, ivy’igiteramo  vy’umusi Big Fizzo afise igiteramo I Paris, uwo muririmvyi nawe azoba afise I giteramo mu bwongereza, aho kwinjira azoba ari ama Pound 35 canke 55.

Umuntu rero yokwibaza ico umuririmvyi Mugani Desire muzi nka Big Fizzo na Davido bazohava bakorera hamwe mu bufaransa, kuko ntaco imbuga zaba iza Bantu Bwoy, iza Big Fizzo co kimwe n’iza Manager wiwe zirabasha kuvuga ku gishobora gukorwa hagati yabo baririmvyi 2, ubona ko uwo muririmvyi yanaheruka kuboneka ari muri Studio ariko arakora.

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...