BurundifootballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

# Indundi Sports | Intamba z’abigeme zaraye zironse itike yo kwitabira inkino za CAN

 

Ni irya mbere mu mateka y’umupira w’amaguru ku bigeme Intamba mu rugamba zikatishije itike yo kwitabira inkino za nyuma za CAN y’abigeme zizobera mu gihugu ca Maroc mu kwezi kwa Mukakaro 2022.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2022 , niho umugwi nserukira gihugu wa Djibouti wari wakiriye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abigeme mu rukino rwo gusubiriza rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za nyuma za CAN .

Urwo rukino rwaraye rubereye i Ngozi ku kibuga Urukundo bivanye n’uko Djibouti yasavye y’uko izo nkino zose zokinirwa mu Burundi kumvo zo kubura ikibuga cemewe n’amategeko.

Intamba zikaba zaraye rero zinyagiye Djibouti ibitsindo 5 vyose ku 0 , Rukiniya akaba yaraye yinjije ibitsindo 2 mugihe Anniella yaraye yinjije ibitsindo 3.

Mukibuka y’uko n’urukino rwo gutangura Intamba mu rugamba z’abigeme zari zanyagiye Djibouti ibitsindo 6 kuri 1 , mu nkino zibiri zose intamba zinjije ibitsindo 11.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 252