footballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

Indundi Sports | Umugambwe CNDD FDD waraye uhaye agashirukabute abakinyi b’intamba z’abigeme

 

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu w’abigeme wandikishirije amateka ubwa mbere yo kwitabira inkino za nyuma za CAN 2022 y’abigeme izobera muri Maroc , Umugambwe uri kubutegetsi waraye utanze agashirukabute k’amafaranga ibihumbi ijana ( 100,0000 FB) kuri buri mukinyi .

Ayo mafaranga akaba yaraye atanzwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD , Réverien Ndikuriyo yahoze atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Mwomenya y’uko inkino za nyuma za CAN z’abigeme zizoba mu kwezi kwa Mukakaro muri Maroc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 248