homepageAyagezwehoIKIRUNDI_news

Yasubije ayangana n’imiliyoni 74 z’amafaranga ya hano iwacu

Muri Benin umugabo w’imyaka 37 y’amavuko asanzwe akora akazi k’uburimyi, yasubije amafaranga atari make yari yatoye avuye mu murima, none Leta yamuhaye urupapuro rw’ukumushimira (Attestation de reconaissance).

Uwo mugabo yubatse n’abana 5 ngo yasubije amafaranga angana n’imiliyoni 14 z’ama CFA. Ayo mafaranga akaba ngo mweneyo yari ajanye mu gace kabamwo uwo mugabo n’ukugura ivyimburwa.

Aganira n’ibinyamakuru, uwo mugabo yamenyekanye nka Baraka Amidou abiciye kuri muvyarawe azi igifaransa kuko we izo ndimi z’abazungu atazo azi, yavuze ko aticuza kuba yasubije ayo mafaranga, ariko kandi akavuga ko vyatumwe n’ukwo yemera n’indero yahawe.

Amidou akaba yanse kwakira amafaranga 100,000CFA yari yahawe na nyene ayo mafaranga yari yatoye ari mw’isakoshi, ariko aragoberwa yemera 50,000CFA nk’agashimwe kuri ico gikorwa.

Uwutwara ako gace abamwo ari nawe yamuhaye urwo rupapuro yavuze ko ari imbonekarimwe aho umuntu agifise ibintu vy’ugukora mu buzima akora igikorwa nkico.

Iyo nkuru ikaba ije ikurikira iyindi yabaye muri Liberia aho umugabo atwara abantu na Moto yasubije amafaranga angana n’ibihumbi 50 vy’ama Dollard ya amerika, nawe akaba yaciye ahabwa umutahe anahabwa Bourse yo kugira aje mw’ishure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 189