abakinyi bakina hanzeIKIRUNDI_news

Youssouf Ndayishimiye mu bakinyi beza bakina inyuma muri Turquie

Umukinyi w’umurundi akaba n’umukinyi wa kera w’umugwi Aigle Noir wo mu gihugu c’Uburundi ukina ihiganwa rikuru “PRIMUS LEAGUE'” Ubu akaba abarizwa mugihugu ca Turquie mu murwi Istanbul Basakseher ukina mu cicaro ca mbere muri ico gihugu nyene .

Youssouf Ndayishimiye batazira Nyange yabonetse kurutonde rwabakinyi beza bakina inyuma nkuko tubikesha ikinyamakuru co mugihugu ca Espagne “Marca”.

Kuri urwo rutonde aza mu kibanza ca gatandatu mu bakinyi bashika 20.

Youssouf Ndayishimiye batazira Nyange benshi bâti mu misi iri imbere turamubonera mu mirwi ikomeye cane ku mugabane wa Buraya.

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 63