DiasporaEast Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Umurundikazi Dushime Thiena Ingrese muri Miss Rwanda

Dushime Thiena Ingrese Clara n’umwe mu bigeme 70 bari mu mw’ihiganwa rya Miss Rwanda 2022, uwo mwigeme akaba afise numero ya 6.

Dushime akaba hampande y’ukuba umunyarwandakazi kuri se, ni n’umurundikazi kuri Nyina, ubu akaba ari mu bariko bahabwa amahigwe yo kubandanya kubera umugambi afise co kimwe n’ubumenyi muvy’indimi asa n’uwutabihurijeko n’abandi basanzwe bahiganwa.

Thiena mu kiganiro yagiranye na The Choice yavuze ko umugambi afise ari ukuronderera uburyo impunzi zihungira muri ico gihugu kugira ntizitakaze ubushobozi bwo kwibeshaho kuko mu bihugu baba bahunze bavamwo baba bari bafise ivyo bakora.

Uwo mwigeme akaba avuga ko uwo mugambi yo wufatanya n’inzego zisanzwe zikorera muri ico gisata nka UNHCR, co kimwe n’inzego z’ico gihugu.

Clara w’imyaka 19 y’amavuko, yavuze ko ivyo yanabifatiye kuko izo mpunzi zihabwa uburyo buke cane kugira zibashe kwibeshaho, aho akaba yashikirije igitigiri c’amafaranga angana n’8000 vy’amafaranga y’Urwanda ku kwezi, angana n’24,000 mu mafaranga ya hano iwacu.

Uwo mugambi wo gushigikira Impunzi, akaba yawufashe kuko yabona ko abandi ba Miss batandukanye bagiye baboneka muri iryo higanwa mu myaka iheze ngo bose baguma bagaruka ku migambi isa. Yabajijwe nimba uwo mugambi utoba ufise ico usana n’uko se yoba yarabaye Impunzi mu Burundi, Thiena akaba yavuze ko naho bitamubayeko ubwiwe, ariko ngo ni kimwe mu bimugize, ariko gufata umwanya wo kuvyiyumvirako.

Clara akaba yanaboneyeho akaryo ko gusaba amajwi abarundi, kugira bamufashe ku mutora kugira aduge mu majwi. Gushika twandike ino nkuru Thienna akaba atari muri 20 ba mbere bafise amanota menshi, ubona ko ari naco gitigiri kizorengana muri ayo mahiganwa kuri uyu wa 26/2 aho hazosubira kandi kuba ayandi makurakuranamwo.

Mu kumutora uwo mwigeme ku bari mu Rwanda bakaba bakoresha uduhamagazo twabo bakagira *544*6*1#   canke ugaca ku rubuga rwa Miss Rwanda MISS RWANDA .

Mwomenya ko mu gutora ijwi 1 ari amafaranga 100 ry’amanyarwanda, ubu akaba afise amajwi arenga gato 4000, nayo uwa mbere muri ico gitigiri akaba afise amajwi arenga 56,000, akaba ari Ruzindana Kelia.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 193