homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi

Double Jay, ico asaba ni uko mumuha amafaranga nawe akabaha indirimbo

Indirimbo “Ibisusu” ari kumwe na Kirikou niyo batanguje umwaka nk’uko basanzwe bakorana muri Bilimani boy inyuma y’aho batakibarizwa muri Bantu bwoy.

Ku ruhande rwiwe, Double Jay yari aheruka gusohora indirimbo “Nzoduga” imaze amezi 6. Hagati y’aho yaguma aboneka mu ma collabo afasha abandi baririmvyi.

Acishije ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, yanditse amajambo agira ati: “Itariki zitatu z’ukwa gatatu niwo musi wanje w’amavuko ninawo musi nahisemo kubaha igikorwa canje
twumvikane nzobaha indirimbo namwe mumpe umugabo yitwa Amafaranga mu kunyipfuriza isabukuru nziza kuko ndamukeneye🤣🤣. Sivyo none ga ncuti zanje?.”

Benshi mu bakunzi biwe inyishu batanga bamwipfuriza isabuku nziza abandi bamubwira ko barindiranye igishika ico gikorwa. Hari n’abamusavye inimero yiwe ya lumicash kugira bayamurungikire ayo mafaranga.

Ubu turiko turavugana indirimbo ntiraja ku rubuga rwiwe rwa youtube tubandanye turindiriye na rirya ari umuririmvyi adahusha iyo asohoye yemeza benshi.

Hamwe na Indundi Magazine tumwipfurize isabukuru ryiza ry’amavuko no kuroranirwa mu bikorwa vyiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 331