footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundi

#Indundi Sports| Kayanza United ngo igiye gusezerera Bumamuru mu gikombe c’umukuru w’igihugu

Imisi ibiri gusa niyo isigaye kugira Kayanza United itane mu mitwe n’umugwi Bumamuru Fc wo mu Cibitoke mu rukino rw’igice 1/8 gishira ica nyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu.

Urwo rukino rukaba rurindiranwe igishika kidasanzwe mu gisagara ca Kanyanza , yaba ku ruhande rwa Kayanza United canke ku ruhande rwa Bumamuru.

Urwo rukino rukazoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 Ntwarante umwaka w’2022 isaha icenda (15h00) ku kibuga Gatwaro.

Mwomenya y’uko abakunzi b’umugwi Bumamuru biyemeje kuzoduga mu Kayanza ari benshi gushigikira umugwi wabo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 57