Muramumenyereye ku mudiho wa Rap atanga, ni naho izina ryiwe ryubakiye, ni nkaho abenshi mwamumenye , ariko nubwo biri uko aranakunda kuririmba R.N.B ndetse nayo aranayishoboye.
Ugerageje kuraba mw’ihiganwa ryateguwe na Brarundi, ihiganwa ryitiriwe Primusic, B Face yarikora mu gahogo bikwiye, mu gihe yariko aserukira intara ya Kayanza.
nubwo bitakunze ko ashika Kure muri iryo higanwa B Face yarekanye Ko kuririmba ari umwuga wiwe.
Isango rya vuba Boniface azwi nka B Face on the Flow Ku bakunzi biwe ni uko bagiye kumwumva mu ndirimbo y’Urukundo kandi atari hipop.
Ku musi wa mbere igenekerezo ry’indwi Ntwarante 2022 ngo urukundo ruzoseseka
akaba yanasavye imbabazi abari bamurindiriye ku mbuga ngurukana bumenyi ziwe Ko bovugana ikibiriraho abamenyesha ko kumvo zitamuvuyeko bomurundira ku musi w’Imana igenekerezo rya 6 Ntwarante 2022 isaha cumi nazibiri ( 18h) ariho azotegura ico kiyago.
Ngo ni Ikaze kuri youtube izwi nka B face
mu kurindira kumwumva ukundi muri bishasha.