IKIRUNDI_news

Bernice the Bell Isango yatanze kugira vidéo ije ahabona ni ntabanduka

Bernice The Bell umwise umunyakaranga ntiwoba ukosheje kuko n’umuririmvyikazi mu ndirimbo ziwe yitaho ivyakaranga bikaba ari navyo bimutandukanya cane n’abandi baririmvyikazi.

Tuvuze ko yahora mu gacerere bisa navyo kuko abakunzi biwe bari banyotewe Ibikorwa bishasha na cane cane vidéo umengo yari yazihojeje inyuma yo gushira Album yiwe ku mugaragaro yitwa ” Iwacu”.

Mu kiyago yakoranye na indundi magazine yavuze ko Ibikorwa afise ari vyinshi ariko igihe co kubisohorera arico aba arindiriye
nayo kuvyerekeye isango yari yatanze ko asohorerako indirimbo impamvu ryahindutse
ngo vidéo yaraheze gukorwa baranayimuha abanza kurindira igihe ciza yoyisohorerako afise umwanya ukwiye bivanye n’ingene umwaka yawutanguye atumirwa cane muvy’akazi kiwe k’umuziki.

Tubibutse ko Bernice nubwo tutabona Ibikorwa vyiwe ku mbuga ng’urukanabumenyi
yamara mu biteramo hirya nino aratumirwa ndetse no mu masemineri yigisha ukuntu yononosora umuziki naho nyene ntasiba gutumirwa, amashirahamwe y’abakenyezi bobo baramaze kumugirira n’ icizere .

Abari banyotewe Ibikorwa vyiwe Isango yatanze akaba ari igenekerezo rya 07/3/2022
indirimbo yiwe Amayaya isanzwe iri muri album yiwe “Iwacu”akazoyishira ahabona
icasaba akaba ari kuja kumukurikirana ku rubuga rwiwe rwa youtube kura muzobe abambere kuyibona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 809