IKIRUNDI_news

Fondation Niyongabo: Umusi mukuru w’abakenyezi wahimbajwe mugihe hari hakiburamwo imisi mike cane

Mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, FONDATION NIYONGABO ibifashijwemwo n’ibanki y’ubudandaji BGF, yatunganije ibikorwa bihimbaza uwo musi, hakaba hari kuri Uno wa gatandatu igekerezo rya 5/3/ 2022. Ibikorwa vyatangujwe no gutera ibiti vy’ivyamwa n’imboga mu Rukaramu, komine Mutimbuzi ,intara ya Bujumbura.

Bahejeje ico gikorwa, baciye baja mu Maramvya, muri iyo komine nyene ahasanzwe hari ikigo kirera abana citiriwe Fondation NIYONGABO .

Abakenyezi bo muri BGF bari baje bagemuriye abo bana kugira bifatanye nabo mu guhimbaza uwo musi mukuru.

Mw’ijambo ryiwe, Dr Jean Marie NIYONGABO yashimiye cane ibanki BGF yashoboye kubagendera ikagirwako inabashigikira mu kubaronsa ivyo bagiye kumara imisi bafungura.

Tubibutse ko isi yose n’Uburundi burimwo, uwo musi uhimbazwa itariki 8 Ntwarante ukwo umwaka utashe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 518