IKIRUNDI_news

Saido Berahino umukinyi w’umurundi akinira umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba ageze mu biki?

Saido Berahino ni umukinyi w’umurundi ku myaka 24 akinira umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba ,inyuma yo kuva mu gihugu c’Ububirigi mu mugwi Zulte Waregem Ubu Akaba abarizwa mu gihugu c’Ubwongereza.

Saido Berahino yatanguye umupira w’amaguru muri ico gihugu c’Ubwongereza aho yatanguriye mu mugwi West Bromwich mu mwaka wa 2013-2017 akaba yawukiniye inkino 90 yinjiza ibitsindo 26, nyuma yaho yerekeza muri Stoke City aho mu bwongereza, 2017-2019, ahavura yerekeza mu gihugu c’Ububirigi aho yakiniye imigwi nka Zulte Waregem na Charleroi mu Bubirigi nyene .

Saido Berahino amaze kuva mu Bubirigi mu mwaka wa 2021-2022 nikwo gusubira aho yakuriye mu gihugu c’Ubwongereza mu mugwi wo mucicaro ca gatatu Sheffield Wednesday.
Berahino amaze kuwukinira inkino 21 akinjiza ibitsindo 2, akaba ari umukinyi akunzwe muri uwo mugwi ariwo wa.

Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports iramwifurije yongera ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 65