homepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Agafaranga niko koba katumye Cedric Amissi yerekeza mu cicaro ca kabiri

Agafaranga gakwiye niko koba katumye Cedric Amissi yerekeza mu mugwi wo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Arabie Saoudite.

Umukinyi w’intamba mu rugamba Cedric Amissi yahora akina mu mugwi Al taawoun amaze imisi atakibarizwa muri uwo mugwi wo mu cicaro ca mbere , muri kino gihe akina mu mugwi wo mu cicaro ca kabiri witwa Al Qadisiyah.

Abatari bake baguye mugahundwe babonye  uwo musatirizi akomeye w’intamba mu rugamba hamwe na Al Taawoun akoroka mu cicaro ca kabiri.

Amakuru twakuye ku bamwegereye n’uko uwo mukinyi yoba yemeye gukoroka mu cicaro ca kabiri bivanye n’amafaranga atari make yemerewe  guhembwa n’uwo mugwi wo mu cicaro ca kabiri, bikavurwa y’uko Cedric Amissi muri Al taawoun yahembwaga amadorari ibihumbi 55,000 $ ku kwezi mu gihe umugwi wa Al Qadisiyah waciye ugwiza ayo mafaranga incuro zigera kuri 2 , ukaba wemeye kumuhemba amadorari ibihumbi 110,000 $ ku kwezi .

Cedric Amissi akaba yaciye agirwa kizigenza w’uwo w’umugwi Al qadisiyah ukina mu cicaro ca kabiri.

Uwo mugwi ukaba ubarizwa mu kibanza c’7 n’amanota 37 mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Arabie Saoudite.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 56