homepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Saido Ntibazonkiza yaraye atowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma

Saido Ntibazonkiza abandanya yigaragaza bimwe bidasanzwe mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania.

Umukinyi Saido Ntibazonkiza yaraye atowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania .

Saido Ntibazonkiza mu kwezi kwa Ruhuhuma yinjije ibitsindo 2 atanga imipira igera kuri 3 yavuyemwo ibitsindo ( Passe Décisive).

Tubibutse y’uko atari Saido Ntibazonkiza wenyene yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Ruhuhuma, n’umumenyereza wiwe wa Young Africans Naseridine Nabii nawe yatowe nk’umumenyereza yigenjeje neza gusumba abandi mu kwezi kwa Ruhuhuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 170