footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Igiturire c’ibihumbi 500 gitumye abahagarikizi babiri b’abarundi bahanwa

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rishobora guhagarika abahagarikizi babiri hamwe n’uwahoze atwara umugwi Les Crocos wo mu Rumonge ku mvo zo gutanga igiturire.

Abahagarikizi bashobora guhagarikwa ni Manirakiza Eric hamwe na Manirakiza Jean Claude hamwe n’uwahoze atwara Les Crocos Nimenya Innocent batazira Musumari abo bose bashobora guhagarikwa imyaka 10 badahonyoza ikirenge ku kibuga canke ngo bakore ikintu cose kijanye n’umupira w’amaguru.

Umwe umwe akaba yaciwe ihadabu ringana n’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi bakaba bategetswe kuyariha mu kiringo kingana n’imisi 30.

Ku matohoza yakozwe n’igisata c’indero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru basanze abo bose bagirizwa ibiturire mu rukino rwahuje umugwi Les Crocos hamwe na Rukinzo Fc .

Icatumye bafatwa n’uko Manirakiza Eric hamwe na Manirakiza Claude barijanye ahantu bonyene batajanye na mugenzi wabo Bampanze Sylvestre bari gufashanya guhagarikira urwo rukino .

Sylvestre ashitse ku kibuga yabonye uwumwakiriye ari umwe mu basanzwe bakora ku kibuga Ivyizigiro co mu Rumonge aca amubaza nimba nawe bamuhaye kuvyo uwutwara Les Crocos yabahaye , Sylvestre nawe ati ntavyo narinzi kuko ata na kimwe bigeze bambwira uwundi nawe ngo vyari ibihumbi 500 vy’amarundi .

Mu matohoza yose yakozwe n’igisata c’indero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi basanze icaha kibagira uko ari batatu .


What's your reaction?

Related Posts

1 of 57