footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Rayon Sport yasavye urukino rwa kivandimwe Messager Ngozi

Umugwi Rayon Sports usanzwe ukinamwo abakinyi babiri b’abarundi aribo Nizigiyimana Karim Makenz hamwe na Ndizeye Samuel wasavye urukino rwa kivandimwe umugwi Messager Ngozi.

Messager Ngozi ikaramuka yemeye ubwo butumire iyo migwi izoca itana mu mitwe igenekerezo rya 26 Ntwarante umwaka wa 2022.

Indundi Sports yahavuye yegera umumenyereza w’umugwi Messager Ngozi imubaza kuvyerekeye ikete barungikiwe na Rayon Sports y’uko Jimmy Ndizeye yemeye y’uko barungikiwe ubutumwa n’umugwi Rayon Sports kugira bashobore gukina urukino rwa kivandimwe n’uwo mugwi ariko gushika ubu ubuyobozi bw’umugwi Messager Ngozi nta nakimwe burishura.

Mwomenya y’uko umugwi Rayon Sport ariwo mugwi umaze gukinamwo abarundi batari bake.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 59