kirundi_SportsIKIRUNDI_news

# Indundu Sports | Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi wahuriranye n’ibihe vyiza intamba z’abigeme zirimwo

Haraciye indwi zishika kuri 3 umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abigeme wanditse amateka ubwa mbere yo kwitabira inkino za CAN 2022 zizobera mu gihugu ca Maroc .

kuri uyu wa kabiri i genekerezo rya 08 Ntwarante 2022, ni umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi , abigene b’intamba mu rugamba nabo nyene baza kwifadikanya n’abandi mu guhimbaza uwo musi mukuru .

Bamwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba z’abigeme baraza gusohokera ahatandukanye nk’umwigeme Anniella wewe yamenyesheje indundi yuko aza gusohokera mu Rumonge, abandi nabo ngo atacamira baraza kwinezereza kuko bari mu bihe vyiza.

Mwomenya ko Intamba mu rugamba z’abigeme kugira zikatishe itike ryo kwitabira izo nkino za nyuma za CAN zirahiye Djibouti ibitsindo 11-1 mu nkino zibiri zayihuje na Djibouti ni ukuvuga urukino rwa mbere zanyagiye Djibouti nyene ibitsindo 6-1, mu gihe urukino rwa kabiri zisubira gutsinda ibitsindo 5-0 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 17