footballIKIRUNDI_newskirundi

Marco Weymans umukinyi w’intamba mu Rugamba yoba agerereye he?

Marco Weymans ni umukinyi w’umurundi akinira umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba afise imyaka 24,yavutse igenekerezo rya 9 mukakaro 1994 akaba yavukiye mu gihugu c’Ububirigi neza na neza ahantu bita Edegen.

Marco Weymans umukinyi yatanguriye umupira w’amaguru aho nyene mu Bubirigi, atangura gukinira umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 17 na 19 mu mwaka wa 2014-2016 akaba yarakinye mu mugwi PSV U19 mu mwaka wa 2016, inyuma yaho aca yerekeza muri Tubezi muri ico gihugu nyene mu mwaka wa 2018-2019, muri Kino gihe Weymans akaba abarizwa mu murwi Ostersunds FK wo mugihugu ca Swede kuva mumwaka wa 2019-2022.

Tubibutse kandi kO Marco Weymans akina inyuma nk’umukinyi akinira ku ruhande.

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports imwipfurije ibihe vyiza no kuja imbere nk’umuzinga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 40