homepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Intamba mu rugamba z’abigeme zaraye zihawe agashimwe

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 08 Ntwarante 2022, wari umusi mukuru mpuzamakungu w’abakenyezi.

Muri ivyo birori vyo guhimbaza uwo umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka k’abakenyezi wariko ubera mu ntara ya Rumonge, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana Imelde Sabushimike yaraye ahaye agashimwe abigeme b’intamba mu rugamba ko kubatera intege ku ntambwe bateye yo kwitabira ubwa mbere inkino za CAN 2022 zizobera mu gihugu ca Maroc mu kwezi kwa Mukakaro 2022.

Ivyo birori vyari vyatewe iteka na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, vyari vyitabiriwe kandi n’abubahwa batandukanye nk’umunyamabanya mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, Rèverien Ndikuriyo akaba yahoze atwara n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri kino gihe Muyenge Alexandre n’abandi batandukanye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 421