BurundiAyagezwehohomepageIKIRUNDI_newskirundikirundi_actualite

Umurundikazi Jessica akora ama telephone, ngo nta kazi k’abahungu gusa kabaho

Jessica Tuyishime avuga ko ata kazi k’abagabo bonyene kahari, kuko ako akora we, ngo yamuha ivyo akenera kw’ishure, kandi ngo yakarabiye kuri se.

Uwo mwigeme w’imyaka 19 yiga muri kamenuza y’Uburundi mu gisata c’indimi akiga mu congereza, ngo abantu benshi baratangaye cane kubona akora amaterefone, noneho bamwe bakanamwizerera ico kuko baba bumva ko kuba ari inkumi ngo aca afata Téléphone zabo neza gusumba.

Jessica uwo mwuga ukunzwe gukorwa n’abagabo ngo yawigiye kuri se, kuko atigeze ahonyoza ikirenge ciwe ku ntebe y’ishure ngo yige gukora utwo duhamagazo. Ariko ngo igihe cose yabona se ariko arazikora, ngo yaca yegera akaraba, none kuva mu mwaka wa 2020 ahejeje amashure ngo yaciye awugira akazi.

Jessica mu kiganiro yagiranye na BBC Gahuzamiryango yahanuye urundi rwaruka guhagarika kugaya akazi, ahubwo ngo bakure amaboko mu mpuzu kuko uba utazi iyo ivyo uba uriko urakora bizogushikana.

Yagize ati : “Ntibavuge ngo aka gakora abahungu jewe ntako nkora, ngo aka gakora abakobwa bokwumva ko bashoboye gukora vyose, ata na kimwe kiri limite ku bakobwa, [kigenewe abakobwa gusa], ata na kimwe kiri limite [kigenekewe abahungu gusa], kandi bakiyemera ko bashoboye”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53