Mu misi iheze, hari amakuru yari agize igihe akwiragizwa hirya no hino ko umuririmvyi Alikiba agiye gutandukana n’umugore wiwe nk’uko yari yabisavye ubutungane mu gihugu ca Kenya iyo asanzwe aba.
Mu makuru ariko arakwiragizwa cane muri Kenya, neza neza i Mombasa, ni Video y’uwo muririmvyi ariko akina n’umwana wiwe, aho yari muri Kenya.
Iyo shusho nk’uko ibinyamakuru vyo muri Tanzania bibishikiriza ngo yoba yerekana ko ibibazo vyari hagati yiwe n’umugore ngo vyatorewe umuti, ngo ata gutandukana hagati yabo kukihari, ivyahaye icizere umuryango munini w’abafana bafise muri ivyo bihugu.
Naho biri uko, uwo mugore akaba yari yasavye ko botandukana kuko ubucuti bwabo bwamaze kwononekara cane ngo ata gusubiza hamwe kugishoboka hagati yabo. Uwo mugore akaba yari yasavye amafaranga angana n’200,000 vy’amashiringi ya Kenya kugira abashe kwifashisha mu gutunga uwo muryango w’abana 2 bafitaniye.
Mwomenya ko Alikiba amaze imyaka 3 agize ubugeni, kandi umutambukanyi wiwe asanzwe akomoka muri Kenya ari nayo asanzwe aba n’abana babo, ariko rimwe na rimwe akaba aboneka no muri Tanzania aho basanzwe bafise n’inzu y’umuryango.