East Africa NewshomepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Ubucuti bwa Bruce Melodie na Harmonize ngo bwoba butoroshe

Ubucuti buri hagati ya Bruce Melodie na Harmonize ngo s’ubwo kuraba bisanzwe, kuko ngo bafise ubundi bucuti bukomeye abantu batari bake batariko barabona. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umwe mu begereye uwo muririmvyi.

Mu makuru amaze kumenyekana nuko ngo indirimbo ya Bruce Melodie yafashijwemwo na Harmonize atariyo yonyene tuzobona kuko imbere y’uko uno mwaka wa 2022 uhera, ngo hashobora gusohoka izindi ndirimbo 2 z’abo baririmvyi 2 nyene. Imwe murizo ikaba izoba ari Harmonize ubwiwe, nayo iyindi ikaba izoba ari iya Bruce Melodie.

Abo bose uko ari babiri ngo ubucuti bafise ngo bwoba ari ubwo gushigikirana hagati yabo kugira ubukomezi bafise mu bihugu bitandukanye bubandanye bukomeye cane gusumba.

Ikinyamakuru igihe dukesha ino nkuru kikaba gifatanya ubwo bucuti bwabo n’ibikorwa uwo muririmvyi wabo Bruce Melodie afitaniye n’abandi baririmvyi bagize imisi baboneka bakorana, abo nabo ni nka Khaligraph Jones, canke Eddy Kenzo aheruka i Kigali gukorana nawe indirimbo. Bikaba binavugwa ko ariko arabisha ijisho muri Nigeria aho naho akeneye gukorana n’abaririmvyi bariyo kandi batoroshe.

Hakaba hanavugwa kuba abo uko ari 2 banasangiye umuntu abaserukira mu gihugu ca Australia aho vyananuganuzwe ko boba banasangiye Management, iyo aheruka guhakana ari kuri Micro za The choice Live.

Mwomenya ko uwo muririmvyi vyavuzwe cane ko yoba afitanye indirimbo n’umuririmvyi Double Jay, ariko ngo iyo ndirimbo yoba yarafashwe na Bantu Bwoy, noneho ngo hoba hasabwe amafaranga ngo irekurwe, naho amakuru dufise aruko muri bantu Bwoy badashima kugira ico babivuzeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 332