kirundiIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Venuste Niyongabo Charles Nkazamyampi na Elsie Uwamahoro nibo baserukiye abarundi

Mu gihugu ca Égypte hariko habera inama y’abanonotsi kw’isi yose izomara imisi 2 kuva kw’igenekerezo rya 12 na 13 Ntwarante.

Iyo nama yatunganijwe n’ishirahamwe ry’abanonotsi kw’isi yose AMO (Association Mondial des Olympiens) hamwe n’ishirahamwe ry’abanonotsi k’umugabane wa Africa ANO (Association National des Olympiens).

ANO ikaba yaserukiwe n’abanywanyi bababa 50 bavuye mu bihugu 25 bitandukanye.
Mu Burundi tukaba twaserukiye n’abanonotsi rungiranwa muri Athlétisme Venuste Niyongabo na Charles Nkazamyampi, kumwe n’umwigeme wo muri Natation Elsie Uwamahoro
Intumbero yiyo nama akaba ari gutezimbere abanonosi bo ku mugabane wa Africa, gutsimbataza ikibano hamwe no gukomeza ubumenyi muri Africa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 36