BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Diamond Platnumz yemeje ko Rayvanny yinjiza amafaranga menshi 

Mu gihe Diamond Platmunz abandanya kumenyekanisha EP yiwe nshasha biciye mu biganiro bitandukanye ariko arakora hirya no hino, uwo muririmvyi mu kiganiro yagiriye kuri WASAFI FM, yagarutse ku biriko bivugwa hagati yiwe na Rayvanny umwe mu baririmvyi basanzwe bari mu minwe yiwe. 

Uwo muririmvyi muri ico kiganiro yavuze ko hampande y’ibivugwa bitari bike, ngo uwo muririmvyi asanzwe afise indero kandi yubaha cane. S’ico gusa ariko ngo uwo muririmvyi ari mu baririmvyi babiri ba mbere muri Label wa Wasafi yinjiza amafaranga menshi cane.

Mu vyariko bivugwa hakaba hariko havugwa ko abo baririmvyi yoba yasabwe amafaranga atari make kugira nawe akurikire mukuruwe Harmonize mu kuja gutangura kwirukanga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55