BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Na Big Zoe ngo ashaka Collabo na Mugani Desire

Inyuma ya Emery Sun, umuririmvyi Big Zoe nawe ngo ari nka hamwe umuririmvyi Mugani Desire amukundiye ngo ntacobuza mu misi mikeya cane agarutse batokora igikorwa ciza.

Uwo muririmvyi mu kiyago yagiranye na Indundi Tv, yavuze ko afise mu migambi ko bokorana na Big Fizzo indirimbo yiwe ya Kera, ngo anamukundiye ngo yipfuza ko bakoresha icitabirizo ca kera n’igitero yaririmvye kikaba ca kindi nyene.

Big Zoe muri ico kiganiro nyene ntiyaretse kunavuga ko anafise Beat yakoreshejwe muri iyo ndirimbo, gutyo ngo bikaba bitazoca bigorana mu gukora ico gikorwa.

Ari nka hamwe amukundiye, ikaba izoba ibaye indirimbo ya 2 bakoranye, kuko iya mbere ari iya Mugani Desire iri muri za nkurikirane 2 Legendary&Desideratus zasohokeye rimwe.

Mwomenya ko uwo muririmvyi Big Zoe ariko amenyekanisha urukurikirane rwiwe rushasha azoshira ahabona Vuba cane, aho uwurukeneye imbere y’abandi amuhamagara noneho akarumurungikira mu nzira zose zishoboka, igiciro ngo akaba ari kuva ku mafaranga 20,000fbu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 144