BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Nelly Nat ngo uwukorana na Natacha Ngendabanka aricuza mu nyuma 

Umuririmvyikazi Natacha ngendabanka yigeze gukorana hafi na Nelly Nat, ubu bikavugwa cane ko akorana hafi na Edisson Ndayahoze, yoba ariwe mbarutso y’ibiheruka gushikirizwa na Nelly. 

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp, Nelly yahanuye uwo mumenyeshamakuru wa Radio Culture ko yoraba agahagarika gukorana cane na Natacha ngo kuko azokwicuza.

Muvyo yanashikirije yavuze ko Atari vyiza kugereranya abaririmvyi bandi n’uwo yitwa Umwamikazi w’umuziki wa hano iwacu.

Iyo Status ikaba yaciye ihanahanwa ku mbuga zitandukanye za Facebook zikurikiranwa cane n’abarundi, aho abatari bake basa n’abatabona ryiza uwo muririmvyikazi babwira uwo mumenyeshamakuru ko yokwumva ivyo Nelly yavuze.

Gushika ubu uwo mumenyeshamakuru akaba ataco arabivugako, ariko ikizwi co nuko mu kiyago yigeze kugirana na NYAGIRA, yashikirije ko adakorana hafi na Natacha, ko ivyo bivugwa kubera urugendo bakoranye muri Uganda, Kandi ko we atavangura abo akorana nabo.

Mwomenya ko Nelly Nat na Natacha batagicana uwaka, hakaba hari n’amazina adahumuriza bitana, ivyo bapfuye gushika ubu bikaba bitazwi vy’ukuri.

None ubwo Ndayahoze Edisson ntiyoba aguhe muri ukwo kutumvikana kuri hagati yabo?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 54