kirundiIKIRUNDI_newsUncategorized

Impamvu Etoile du centre yakuyemwo akarenge muri Isanganiro award

Etoile du centre n’umurwi umaze Imyaka myinshi uri mu muziki ndundi, nkuko hariho n’iyitakivurwa tutazi irengero ryayo, ariko uwo murwi nubwo wigeze kubura baciye basubira kwisuganya baravyura umurwi n’indirimbo yabo” Gufosinga”

Haciye imyaka 2 kuva 2020 ntayindi ndirimbo barasubira gusohora ariko haramafoto duheruka kubona biboneka ko hari igikorwa bariko barakora

Uwo murwi ukaba
uhurikiyemwo Romeo Ininahazwe,Paci Nzitonda,Willy Isirabahenda na DJ Dady

Indirimbo yabo Gufosinga yatowe muri 10 zigiye guhiganwa hatorwe mwo imwe izotahukana ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ritunganywa na Radio Télévision Isanganiro
nubwo biruko ntibaryohewe nuko gutorwa
Romeo Ininahazwe acishije k’urubuga rwiwe rwa Facebook yamenyesheje abakunzi babo ko batari muri iryo higanwa Ica basaba n’ukubandanya babashigikira mu bikorwa vyabo.
Indundi magazine igerageje kumubaza impamvu basokoye yishuye agira ati:”
Kuko isanganiro award twe ataco yodufasha turayirengeye
ni iyabacaruka.”

Twibukanye ko iryo higanwa ririmwo Kirikou,Emery Sun,Meili,Esther Nish,Victorious Team,B Face,We Love Music,Mb Data,Tetero.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 93