homepageIKIRUNDI_newskirundi

Abafaransa bahurumbiye kugura Inzahabu hagushira amafaranga muri Bank

Kuva haduka intambara muri Ukraine ihuza ico gihugu n’uburusiya, abenegihugu b’ibihugu bimwe bimwe bari bafise utwo bari barabitse ku ruhande cane cane muma Bank ngo bariko baradukurayo Ari benshi.

Nkuko ikiganiro cakozwe n’ikinyamakuru co mu bufaransa kivyerekana, ngo abo bene gihugu bahurumbiye kuja kugura inzahabu, zo zidatakaza agaciro, kuko ayari muri bank ngo atakaza agaciro cane mu gihe c’intambara.

Abasanzwe badandaza ayo mabuye y’agaciro, bakaba bavuga ko ababitura ari benshi cane. amafaranga bahora binjiza akaba amaze kwigwiza incuro zitari nke mu kwezi kumwe gusa.

Iyo nyifato y’abenegihugu b’abafaransa ikaba ngo yarabobetse mu mwaka wa 2008 co kimwe na 2020 mu gihe ikiza corona Cari kibisibije.

Mwomenya ko Aho hambere Inzahabu abaja kuzigura mu buryo bwo kubika amafaranga, bazigura ku kiro canke ku gice c’ikiro, ariko ubu bakaba bashobora kuzigura guhe kwi garama 1 gusa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 55