B face ahanura abantu Bose ko bohagarika kwipfuza kuko n’ijambo ry’Imana rirabibuza.
Mu kiganiro Face à face ca Siren Vibe, B Face yafashe akanya yishura ibibazo vy’abafana bariko baramubaza.
Bimwe mu bibazo yabajijwe uko yatanguye umuziki, Boniface avuga ko yawutanguye kuva kera Kandi yakunda gusubiramwo Indirimbo z’abandi, Indirimbo akayisubiramwo uko avyumva.
“Umuziki ingene nawutanguye, narakunda gusubiramwo Indirimbo z’abandi. Ari ikibembe ngasibiramwo bivanye na Melodie, Indirimbo z’abanyamerika nkaziririmba mu Kirundi, bivanye n’ingene ndazumva.” vyashikirijwe na B Face
B-Face ngo ubwo bu star bamubonako uno musi ngo bwatanguye kuva kera, kuko akiri kw’ishure hageze ko aririmba bariko baca amanota, abanyeshure barasidukana n’iyonka bakaja kuraba uko aririmba.
“Harya je ubu Star nabutanguye kuva kera, kw’ishure nari umu Star muri Primaire. Vya bindi hageze guca amanota abanyeshure Bose baca baza kuma dirisha, rero nari nabikunze kuva kera, urumva bifise iyo vyavuye.”
Ikindi yashikirije camufashije muri ivyo bihe vyiwe agitangura umuziki, nuko atatinya kuririmba uko avyumva, yaba yoyonona, canke ayiririmba neza, ngo we ntaco vyaba bimutwaye.
” Gusubiramwo Indirimbo ndayonona ntaco vyantwara, gushika uno musi Aho ndirimba iz’iwanje nabo bakajamwo mubazifana.”
Nayo abipfuza kumera nkawe, ngo ntihagire n’uwusubira kubirota, kuko nawe Aho ageze ahageze kuko atigeze yipfuza kuba nk’uwundi muntu n’umwe. Ahubwo akaba avuga ko we yipfuza kuba yokwigira ku bandi, Ari naco ahanura uwovyipfuza.
“Kwipfuza ni bibi, erega jewe nabaye jewe kuko Ntawe nipfuje. Gusa narakunda Indirimbo z’abandi, nawe arazikunda iz’iwanje, azikurikirane, akurikirane n’iz’abandi, bizomw’inspira kuberaki abantu ntibanganya Inspiration, jewe ndashobora kuba nomwigisha bivanye n’ivyo nandika, canke n’uwundi amwigishije ivyo kuririmba, Ama Melodie.”
Mukibuka ko uwo muririmvyi aheruka gutahana ikibanza ciza muri Isanganiro Awards Aho Atari avyizeye cane ko yofata Ico Kibanza.