HomehomepageMasterland niwe agiye kurongora ishami rya Bujumbura mairie mw'ishirahamwe ry'abaririmvyi

Masterland niwe agiye kurongora ishami rya Bujumbura mairie mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Ntwarante 2021 mu kibanza ishirahamwe AMB  rikorera ( Palais des arts), uburongozi bushasha bwatowe mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi bwarakoranye mu nama ya mbere kuva ubwo burongozi butowe mu ntumbero yo kwihweza ibikorwa uko vyotunganywa mu guteza imbere iryo shirahamwe ry’abaririmvyi.

Abari muri iyo nama ni Bright Ndayishimiye asanzwe aramuswa iryo shiramwe hamwe n’icegera ciwe Edith Kimana yayitabiriye yifashishije ubuhinga bwa none iyo ari mu Butariyano, umunyabanga mukuru Fabrice Uwimana, umunyabigega Bernice azwi kw’izina rya Bernice the bell Irumva hamwe n’uwujejwe imigambi Yves Shaka.

Ivyo bashize ku mugaragaro vyapfundiswe muri iyo nama ni uko imiryango yasubiye kwugururwa ku banywanyi uwo wese ashaka ikarata arahwe ikaze. Ikindi, baratoye uwugiye gusubirira Bright Ndayishimiye mu mabanga yiwe yarajejwe yokurongora ishami (antene) ryo muri Bujumbura Mairie kubera ubu yatowe nk’umurongozi w”ishirahamwe ry’abaririmvyi ku rwego rw’igihugu.

Bose hamwe bakaba barahurije ku muririmvyi Armel Chabel Marial Ngendakumana azwi kw’izina rya Masterland kuva igenekerezo rya 29 Ntwarante 2022 niwe agiye gutwara ivy’imfatakibanza antenne ya Bujumbura Mairie gushika amatora atunganijwe.

- Advertisment -

Must Read

Gervais Ndirakobuca: “Le métier de police est une vocation, un travail...

0
Conformément à l'article 259 de la Constitution du Burundi, qui précise que les membres des corps de défense et de sécurité ont le droit d'être informé et...