homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Natacha urugendo rwiwe rwo mu Rwanda harivyo urwaruka rugiye kunguka

Tuvuze umuririmvyikazi ibikorwa vyiwe vyama biri ku gihe akwiye kubera n’akarorero abandi baririmvyikazi mu gushira umwete mu bikorwa vyabo, dutoye Natacha ntitwoba twihenze.

Vyongeye yahawe ubutumire nk’umwe mu rwaruka ruzotanga ivyirwa mw’ikoraniro mpuzamakungu rijanye n’iterambere ry’itumatumanako amakuru rigiye kubera mu gihugu c’Urwanda kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika kurya 4 Ruheshi uyu mwaka nyene.

Iryo koraniro rikaba rifise icivugo kivuga gikurikira: “guhuza abatarashikirwa n’iterambere ry’imihora y’itumatumanako rigezweho kugira bifashe mw’iterambere rirama”.

Natacha akaba yatowe nk’umwe mu baririmvyikazi bakurikiranwa cane n’urwaruka ku mbuga ngurukamabumenyi muri kano karere akaba yatowe n’ihuriro mpuzamakungu rijanye n’itumatumanako risanzwe rikorera muri Geneve mu Busuwisi.

Twibukanye ko avuye mu Rwanda azoca ategura urundi rugendo rumushikana i Genève guteramisha abantu igenekerezo rya 18 Ruheshi 2022.

Umurundi aserukiye Uburundi abari kw’izina ry’abarundi twese kuko IBENDERA ry’Uburundi niryo duca tubona. Abarundi bose turasavye kumushigikira umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 138