Kubwa Spok’s ngo amashirahamwe akorera hano iwacu yarakwiye kwikubita agashi agatangura gushigikira ibikorwa vy’umuziki.
Dushi Entertainment ishirahanwe ritegura ibiteramo n’ibindi bikorwa bitandukanye, riri mu yashigikiye ihiganwa Isanganiro awards riheruka gukora edition igira 10.
Mw’ijambo yashikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Spok’s man yavuze ko naho uno musi amashirahamwe atanguye kujijuka, ngo haracari inzira ndende kugira bavuge ko bihagaze neza, ivy’ugushigikira ibikorwa vy’umuziki.
Spok’s akaba ataretse kuvuga ko uravye uko vyatanguye muri Isanganiro Awards, ngo ubu biboneka ko hariho akarusho katari gato, kuko amashirahamwe atanguye kubihurumbira. Naho yagoboreyemwo ko ama Sponsors atoboneka gusa abanyamahanga baje mu Burundi.
Mwomenya ko Spok’s mu gutanga ibahasha ku watsindiye Isanganiro Awards y’10 ariwe Girukwishaka Boniface benshi muzi nka B face ngo atashaka ko bamubona, ariko yipfuza gutanga akarorero kuri ayo mashirahamwe y’ubudandaji ariko arakebura.