homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi

Vichou Love yashize ku mugaragaro umusi nyezina azosohora album yiwe

Mu kiganiro yakoze kuri indundi Tv mu mpera z’umwaka wa 2021 yavuze ko ari mu myiteguro ya album yiwe agiye gushira ahabona mu ntango z’umwaka wa 2022 mu kwa gatatu, mu kubandanya turindiriye ko imvugo yoba ingiro iryo sango yatubwiye riri mu kurengana.

Yaciye ava mu gacerere y’uko itakiri yari yashikirije yahondutse ngo mumwitege igenekerezo rya 5 Rusama 2022 izoba izwi kw’izina rya “Embargo”.

Kubwa the fighters  asanzwe ahurikiyemwo irongowe na Happy Famba, baratera akamo abaririmvyi nimba bafise indirimbo bazisohore ubu kuko bakarindira mu kwa gatanu bihuriranye na Album ya Vichou indirimbo zabo ntizizoba zikicumvirizwa nk’uko bama bamwita ngo ni Mkali wa show.

Uko bitunganijwe neza uburyo bazorekuriramo iyo Album bazobitumenyesha hanyumank’uko bishikirizwa na Happy Famba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53