homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi_entertainment

Big Fizzo yatanze umuco kuho yita muhira hagati y’i Bujumbura n’i Burayi

Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo, ngo urugendo arimwo ku mugabane wa buraya ngo s’urugendo rw’akaruhuko nkuko abatari bake bavyibaza, ahubwo baratahutse.

Mu kiganiro yagiranye na Isanamu Media, Uwo muririmvyi yavuze ko abantu benshi babonye Mugani Desire i Bujumbura umwanya munini, bibaza ko asanzwe aba i Bujumbura, ariko ngo bwa bundi uwo muririmvyi asanzwe aba n’umuryango wiwe ku mugabane wa buraya.

Yagize ati : “Ndikumwe n’umuryango n’umwana, turi muhira. Benshi bakunda kuvuga ko twaje muri Vacance, muga ntibazi ko tuba ino. Peu etre nuko babonye ko twatevye mu Burundi cane, si non tubayeho nk’abantu bari muhira.”

Nayo iryo hinguka ryiwe ku mugabane wa buraya yaheruka hari haheze hafi imyaka 3, ngo hari abatari bake baciye baboneraho akaryo ko kumukoresha, ari naho habonetse birya biteramo vyateguwe mu bufaransa no mu bubirigi.

“Twari tuhakumbuye, twahaheruka muri 2019, duca turavuga ko n’ibintu vya Covid biriko biragabanuka, duca turavuga tuti reka dusubireyo. Twaje dutashe tuhakumbuye, hama abantu baca babi Profitiramwo kubona ko ndi ngaha, bati ko fizzo arino reka dukore ama Concert.” Vyashikirijwe na Big Fizzo

Ivyo bikaba vyiyongereye kuvyo yaheruka gushikiriza mu kindi kiganiro yakoranye n’iyo mboneshakure nyene, aho yavuze ko azotaha hageze kuko atacomubuza gutaha mu gihugu. Imbere gato muri Live yakoreye kuri Facebook, yari yashikirije ko hari ikintu arindiriye kuri uwo mugabane ngo yabwiwe ko yokironse muri uku kwa 3, arico gituma yasivye igiteramo cari categuwe na Harmonize muri Tanzania.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yari amaze imyaka itari mike adakora ibiteramo ku mugabane wa buraya, ivyo biteramo 2 akaba arivyo bisa nkaho vyuguruye ibindi bishobora gukorwa, ariko hakibazwa nimba uwo muririmvyi azohava aboneka mu giteramo Afri East Carnivore ca Harmonize azokorera hano iwacu mu kwezi kw’5.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 283