Abarundi baba mu mahanga bahurikiye mw’ishirahamwe rya Diaspora Ndundi, bamaze iminsi itari mike bahanahana ivyiyumviro k’ubuzima bwa Diaspora Ndundi no ku migambi mikuru mikuru iryo huriro ry’abarundi b’ishwi ( Diaspora ) rifise mu guterera agacumu k’ubumwe mw’iterambere ry’igihugu cabo u Burundi, no mw’iterambere ryabo n’imiryango yabo.
Ayo ma nama yatunganijwe na Comité Nshingwabikorwa ( Comité éxécutif ) ifadikanije na Comité Nshigwantwaro ( Conseil d’administration ).
Mu gutangura inama, abarongoye Diaspora Ndundi babanje gusigurira abarundi baba mu mahanga ico arico umu diaspora ( definition ).
Imigambi bashize imbere ni iyi ikurikira:
1. Umugambi wa mbere nyamukuru ni uwo gushira hamwe abarundi no kubumvisha akamaro bafitiye igihugu cabibarutse.
2. Umugambi wa kabiri, ni uw’ ikarata ndanga mu diaspora ( Carte de la diaspora ), ibisabwa kugira uyironswe n’akamaro iyo karata yomarira uwuyifise.
3. Umugambi wa gatatu, ni uwo kworohereza ama banki gukorana n’abarundi baba mu mahanga ( diaspora ).
Uwo mugambi ukaba wavutse kubera ibibazo abarundi baba mu mahanga bahura navyo iyo bashatse kurungika amafaranga mu gihigu c’amavukiro ( Burundi ).
4. Umugambi wa kane ni uwo kwubaka amazu.
Umurundi aba mu mahanga ( diaspora ) akwije ibisabwa na cane cane afise ikarata ndanga mu diaspora, azoshikirizwa inyubakwa, iri mukibanza yipfuza kandi ku giciro kitavuna, akazoheza akariha mu myaka itarenga icumi ( 10 ans ).
Amashiramwe azokorana na Diaspora Ndundi muri uwo mugambi nayo ni Come and See Burundi hamwe na BMBC (Building and Multi-Business Company).
Abarundi baba mu mahanga bashoboye kwitavye inama zatunganijwe na Comité Nshingwabikorwa na Comité Nshigwantwaro za Diaspora Ndundi batashe n’imigambi bashikirijwe bagirako basaba ko yoja mu ngiro bidatevye.