homepageIKIRUNDI_newsInkino

Imiliyoni 20 z’ama Euro nizo Lionel Messi ahawe

 Hampande y’imiliyoni 30 z’amafaranga y’amanyaburaya asanzwe ahembwa buri mwaka muri PSG, Lionel Messi yasubiye Kandi kwizerwa ahabwa ayandi Atari make.

Imiliyoni 18 z’ama Dollars ya Amerika n’iyo mafaranga mu kiringo c’imyaka 3, niyo mafaranga yahawe n’ishirahamwe riri mu yakomeye ku mugabane wa buraya.

Uwo mukinyi yambara Numero 30 yahawe ico gifovya c’amafaranga ngo Abe ariwe azoba umuserukizi( brand ambassador) w’iyo company yitwa Socios, isanzwe ikora ibijanye na Crypto monnaie.

Kuva aho uwo mukinyi yerekereje muri ico gihugu neza neza muri uwo mugwi, bikaba bivugwa ko abariko barondera uwo mugwi ngo bakorane Ari benshi cane, ibisigura ko ku kijanye n’ukwinjira kw’amafaranga muri uwo mugwi atari ikibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 290