Big Fizzo ngo abaririmvyi ba hano iwacu ikibishe n’ukubura indero, n’ukwivyimvya, ivyo akab aheruka kubiyagira imwe mu mboneshakure za hano iwacu, aho bariko baganira ku bijanye n’ibikorwa vyiwe.
Uwo muririmvyi asanzwe muri kino gihe abarizwa ku mugabane wa buraya, yavuze ko kuba uno musi agihagaze kandi iamaze imyaka myinshi mu muziki ngo ntibihagaze ku kuririmba neza kwiwe, kuko ngho hanze hari abana baririmba neza cane.
Kubwa Mugani ngo vyose vyugariye ku ndero. Agatanga akorero ko hari abaririmvyi baririmba indirimbo imwe canke zibiri zimenyekanye bagaca bashaka kuduza umutwe ngo basumbe bakuru babo bamaze imyaka na mirere bari muri uwo muziki.
Yagize ati : “Je nibaza ko vyose vyugariye kuri Discipline. Ibintu vyose iyo uriko urakora, ufise discipline uzi ico uriko urakora, uratena muri ico kintu, kuko hariho abantu baririmba neza, bafise ingabire, ariko ntibashika kuco bashaka kuko nibaza ko babuze Discipline.”