homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Frank Duniano impamvu yatuma adasohora vidéo ngo igiye guhagarara

Frank n’umu rapeur wa kera benshi bamumenye cane ari mu murwi wanajeshi wari ugizwe na Fizzo, T max, Makidadi na Frank, ni umurwi wabiciye biracika mu myaka iheze ariko ubu tukaba tutakibona ibikorwa vyawo.

Frank Duniano arakora indirimbo ziwe ku gito ciwe co kimwe n’abandi baririmvyi bahoze muri uwo murwi.

Hari haciye hafi imyaka 6 asohora indirimbo zidafise amasanam ( audio).

Mu kiyago yagiranye na Indundi magazine yavuze ko afise ikibazo c’uburyo kuko gukora umuziki ata manageur biragoye n’abagize ico bamufashije bamufasha uburyo bwa audio gusa.

Yamara ngo umwaka wa 2022 mu mwitege kuko Imana yacanye hari abashimye impano yiwe atarashima kuvuga nibo bagiye kumufata mu mugongo.

Akarorero ni indirimbo yiwe “wanapenda” yari yasohotse ari audio gusa kw’igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2022 yashize ku mugaragaro Vidéo yayo kuri youtube yiwe “Frank_ Duniano”, ico asaba abakunzi biwe ni ukubandanya bamushigikira ngo ntarota abahemukira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 323