BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo na Manager wiwe ngo ntibavanga akazi n’ibishobisho

Big Fizzo Ari mu kazi hamwe na Edith Stein ngo ivy’urukundo bibanza kuja ku ruhande, kuko nta bishobisho bashira mu kazi. 

Edith Stein asanzwe Ari umutambukanyi wa Big Fizzo akongera akaba n’umutambukanyi wiwe ngo uko Ari 2 ntibavanga akazi n’ubuzima bwabo bw’urugo, nkuko vyashikirijwe na Big Fizzo ubwiwe mu kiganiro yahaye Isanamu Media.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko bageze muri bikorwa vy’umuziki ngo akora ico Manager yashimye ko akora.

Bamubajije iyo utugorane twavyutse hagati yabo, nimba bashima kubikemurira kuri Stage canke babanza gushika muhira, uwo muririmvyi yavuze ko ata zibana zidakomanya amahembe, ngo ariko babikemura akazi kabanje guhera.

Nayo ku kijanye n’ukuba hoza abakobwa ngo batambane, Big Fizzo yavuze ko umukunzi wiwe abizi ko aba ari mu mazi, Kandi ngo kira noneho ntiyomutetereza kuko nawe aba yikojeje isoni.

Mwomenya ko Edith Stein na Big Fizzo ngo bazinanye kuva kera, Aho ngo bashobora kuba bahuriye mu giteramo categuwe na Dj Paulin mu bubirigi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 598