Inyuma y’indwi n’igice habaye akajagari ku kibuga Intwari , mu rukino rw’igice 1/4 gishira ica nyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu cahuje Vital’o Fc na Bujumbura City , umugwi Vital’o Fc wahavuye uhanwa .
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 05 Ndamukiza 2022 , igisata kijejwe indero mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , cahanye umugwi Vital’o Fc mu kuwuca ihadabu y’amafaranga ibihumbi 400,000 bivanye n’akajagari kari katewe n’umukunzi w’uyo mugwi .
Uwo mukinzi w’uyo mugwi yinjiye mw’igori ry’umunyezamu wa Buja City Papy atora icupa ryari inyuma y’igori arita hanze , niho guca afatana n’abakinyi ba Buja City akajagari kaba karatanguye .
Umugwi Vital’o Fc ukaba wahawe isango ryo kuriha iryo hadabu igenekerezo rya 20 Ndamukiza bitagenze uko , urukimo rukurikira bashoboea gukina ata barorerezi bafise.