BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou na Double Jay bakwije 1,000,000 views ku bisusu

Abaririmvyi Double Jay na Kirikou bari muri Label ya Biliman Boy, bakwije views 1,000,000 ku ndirimbo yabo baheruka gukorana ariyo Ibisusu. 

Abo basore bakaba bashize ahabona iyo ndirimbo haraheze amezi 3 gusa, kuko hari mu ntango z’ukwezi kwa 1, inyuma y’igihe gito bavuye mu maboko ya Label bahora bakorana ariyo Bantu Bwoy entertainment.

Iyo ndirimbo ikaba atariyo yonyene bari bamaze gukorana muri iyo label basanzwe barongoye bo nyene ubwabo, kuko umwe ashobora kuboneka mu ndirimbo y’uwundi, Aho ni nko mu ndirimbo Nzoduga ya Double Jay.

Bose uko Ari 2 bakoresheje imbuga zabo za Instagram, bakaba bashimiye urukundo bagiye berekwa kuva batandukanye n’iyo label bari basanzwe bakorana.

Iyo ndirimbo ikwije 1,000,000 views ikaba iri ku rubuga rwa Kirikou Akili.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 336