homepagekirundikirundi_Sports

Ihiganwa ritangurira ihiganwa rikuru ry’igihugu “Viva basketball League” ryageze

Mu gihe ihiganwa ry’umupira w’amaboko Basketball ryo kurondera imigwi cumi izokwitabira ihiganwa rikuru bitiriye “Viva basketball League” riherutse gusozerwa,ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball ryamaze gutunganya irindi higanwa imbere yuko bugurura ihiganwa rikuru.

Ni ihiganwa “Tournoi d’ouverture” rigiye gutangura kuva ku magenekerezo ya 14 gushika 24 ndamukiza uwumwaka wa 2020.
Aho ni mugihe uwurongoye iryo shirahamwe yamaze kumenyekanisha kO ihiganwa rikuru rizokwitabirwa n’imigwi cumi nyene ni ukuvuga imigwi Itandatu yo mugisagara ca Bujumbura hamwe n’imigwi 4 yo mugihugu hagati.

Imirwi izokwitabira iryo higanwa Akaba ar imigwi tugiye kubereka aho musi, Itandatu ni iyo mugisagara ca Bujumbura:
-New Star
-Urunani
-Remesha
-Gymkhana
-Les Hippos
-Dynamo

Hamwe n’imigwi 4 yomugihugu hagati nayo ni :
-Tigers
-Young Eagles
-Aigle noir
-Brothers.

Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 170