Yamenyekanye kuva kera mu muziki ndundi na cane cane ku ndirimbo yiwe “Muyomba” mu nyandiko nziza ijwi ryiza no mu bicurarangisho ni bitumwako asanzwe ateramisha abantu mu muziki w’ikibiraho (karaoké) muri Band yitwa Skiliza Band ari kumwe n’umupfasoni wiwe Linah blanche.
Abandanya ari ku kivi mu gusohora indirimbo ziwe ariko kenshi akunda kuririmbana n’umupfasoni wiwe ivyo bita “feat”.
Haraheze amezi 3 arekuye indirimbo yiwe “Umurondo” ari kumwe na Linah
adatevye ubu naho ngo igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2022 twitege indirimbo yiwe ubwiwe yemeza ko ari indirimbo ije ku muvuduko kandi izoza ikomora nk’uko umupira wera ukomora iyindi mu rukino rwa Billard, ikazoba izwi kw’izina rya “Dukundane”.
Amatwi nirwacu turindire isango yaduhaye kandi tubandanye tumushigikira.