abakinyi bakina hanzefootballInkinokirundiSport

# Indundi Sports | Saido Ntibazonkiza yaraye ahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza

 

Inyuma yo kumara indwi zishika kuri zitatu ataboneka mu kibuga Saido Ntibazonkiza yaraye ashikirijwe agashimwe kimwe k’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Ruhuhuma.

 

Ako gashimwe akaba yagahawe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Tanzania TFF , imbere y’uko umugwi wiwe utana mumitwe na Azam Fc aho umugwi Young Africans asanzwe akinamwo watsinze ibitsindo 2-1.

Saido Ntibazonkiza akaba yarakinye urukino rwose aranakorerwa ikosa ryatumye umugwi Young Africans uronka igitsindo ca mbere biciye kuri Penariti yatewe na Juma Shabani .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 38