kirundi_Sports

Ihiganwa rito ritegura ihiganwa rikuru muri basketball ryatanguye neza Kuri New Stars,Urunani, na Remesha

Ni amwe mu mahiganwa ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball batunganya,muri ayo bamaze gutegura ihiganwa rito ryo gutegura ihiganwa rikuru bitiriye Viva basketball League rigiye gutangura mumisi Iza.

Mw’iryo higanwa rito ryitabiriwe nimwe mu migwi yatsindiye itike ryo kwitabira iryo higanwa rikuru.

Aho harimwo imigwi 6 yo mugisagara ca Bujumbura hamwe n’imigwi 4 yo mugihugu hagati.
Kw’igenekerezo rya 09 Ndamukiza imigwi yo mugihugu hagati ntiyoroherejwe n’imigwi yo mugisagara ca Bujumbura.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 09/04/2022
-New Star 63-52 Tigers
-Urunani 125-63 Young Eagles
-Remesha 104-70 Aigle noir

Kuri Uno w’Imana igenekerezo rya 10/04/2022 imirwi ikaza guhura uku gukurikira:

-Les Hippos vs Brothers
-Gymkhana vs Dynamo

Iryo higanwa bitegekanijwe ko rizorangira ku magenekerezo ya 24/04/2022.

Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 17