footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinointamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Umwigeme wese w’intamba mu rugamba yaraye yemerewe agashirukabute na CNO

Abigeme b’intamba mu rugamba bibutswe na CNO. Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 09 Ndamukiza 2022, igisata mpuzankino CNO cari caramutse gitanga ubushimwe ku banonotsi bigenjeje neza mu Burundi.

Mu bushimwe bwatanzwe na CNO, harimwo abigeme b’intamba mu rugamba bandikishije amateka ubwa mbere yo kwitabira ubwa mbere inkino za CAN 2022 zizobera mu gihugu ca Maroc .

Buri mukinyi umwe umwe w’intamba z’abigeme yemerewe guhabwa agashirukabute kangana na 200.000.

Mukibuka y’uko ayo mahera azoza yiyongera kuri 500.000 Fbu bari bahawe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi , amafaranga bahawe inyuma yo gukatisha itike yo kwitabira inkino za CAN 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 175