BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Yoya yashize ahabona, aboteza imbere umuziki

Muri ino myaka kwumva abaririmvyi bidoga ko abamenyeshamakuru canke aba Dj aribo batuma umuziki udatera imbere, n’ibintu bisanzwe kuko Ari Ijambo rimaze igihe riri mu kanwa ka benshi.

Ariko uko siko Umuririmvyi ISSA Jamal benshi muzi nka Yoya abibona, kuko kubwiwe ngo abo baterwa ivyatsi ataribo bonyene bari bakwiye kurabishwako ako gashavu.

Jamal avuga ko kugira umuziki utere imbere, hakenewe ico bita gukunda igihugu, kugira twese twumve ko ugutera imbere kw’uwo Muziki Ari ivy’abarundi muri rusangi.

Yoya muri Live aheruka guhuriramwo na Mkombozi n’abandi batari bake akaba yavuze ko buri muntu yaba umumenyeshamakuru, umu Dj, umuririmvyi, umufana n’abandi Bose bakenewe bakoze ibishoboka ku ruhande rwabo, ngo uwo Muziki woheza ugatera imbere.

Jamal akaba yanaboneyeho akaryo ko gukebura abaririmvyi ngo ntibumve ko Aribo bakwiye kuboneka nk’abahinduye ibintu, kuko ngo iterambere ritaza ku muryango umwe gusa mu gacimbiri, ahubwo riza ku miryango yose.

Mwomenya ko ubwo butumwa busa n’ubwaje guhwamika imyidogo yari yashikirijwe muri Live Mista champagne na Big Fizzo n’abandi batumire bari baherutse gukora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 56